TWITONDERE AMAHITAMWO YACU MU BUZIMA

Amahitamwo yacu uyu munsi arafise inkurikizi muri kazoza kacu. Amahitamwo ashobora kutubera meza akaduha ubuzima nk’uko ashobora kutujana mu rupfu.

« Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobagiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu. »(Gusubira mu vyagezwe 30:19)

Igihe cose duhamagarirwa guhitamwo, dutegerezwa kwumva ko amahitamwo yacu azovamwo ibintu bibiri: ubuzima canke urupfu. Rero, imbere y’ibintu vyose bigaragara ko ari amahirwe kuri twebge, dukwiriye kubanza kumenya neza nimba bizotanga ubuzima canke urupfu.
Abantu dusoma muri Bibiliya barahuye n’inkomezi zo guhitamwo n’ingaruka zavyo. Reka turabire hamwe ivyabo tugire ico twize mu buzima bgabo.
GUHITAMWO KWA YOBU: Yanse kwumvira inama z’umugore wiwe zo gutuka Imana hanyuma akiyahura. Ukwizera kwiwe no kwiyemeza kwiwe vyaramutsindishirije kandi Imana yahavuye imwinjiza mu gihe co kugarura no kugwira muri vyose.
GUHITAMWO KWA LOTI: Yahisemwo kuba ahantu (mu kiyaya ca Sodomu) aho abantu bazoba mu mahano kandi bazocirwa urubanza n’Imana.
GUHITAMWO KWA RUSI: Yahisemwo kwizirika kuri Nawomi. Guhitamo kwiwe kwatumye ahura na Bowazi no kuba inakuruza w’umwami Dawidi na inakuruza w’imiryango ya Mesiya.
GUHITAMWO KWA YOSEFU: Yanse kuba umukunzi wa muka Potifari. Guhitamwo kwiwe kwamujanye muri gereza kandi kuva ico gihe, Imana yamusunikiye mu gihe ciwe: umushikiranganji wambere wa Misiri hejuru y’uwahoze ari shebuja Potifari.
GUHITAMWO KWA MOSE: Yanse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo no kwishimira icubahiro ca Egiputa. Guhitamwo kwiwe kwatumye ahunga. Ubwo buhungiro bwatumye ahura n’Imana y’ukuri no kubohora abana b’Isiraheli, umuntu yavuganye imbonankubone n’Imana.
GUHITAMWO KWA ABURAHAMU: Yahisemwo kuva mu rugo rwa se atandukana na mwishywa we. Guhitamo kwiwe kwatumye agabana igihugu ca Kanani no kuba sekuruza w’abemera ndetse n’igihugu catoranijwe n’Imana.

Benedata, turacafite inkomezi zo guhitamwo uyu munsi. Duhitamwo iki?
Gushika ubu dufise amahirwe menshi, ivyo dusaba, n’ivyifuzo. N’ukuri!
Ariko ntitukibagire ko amahitamwo yacu uyu munsi azogira ingaruka kuri kazoza kacu. Uhereye kuri aya mahitamwo, ubuzima canke urupfu bizogaragara. None rero, reka twitonde kandi dukoreshe ubushishozi bginshi mbere yo kwiyemeza ikintu icyo arico cose.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, fungura amaso yacu uduhe ubushishozi buturuka kuri wewe, kugira tugire ubgenge bwo gufata ivyemezo bikwiye mu gihe gikwiye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *