UBUNTU BG’IMANA S’UBURENGANZIRA BGO GUCUMURA

Hariho abakristo bamwe bibaza ko ubuntu bg’Imana ari uruhusha rwo gukora icaha canke ubuntu butuma abantu bakora icaha.
Ivyo sivyo, ubuntu bg’Imana s’uruhusha rwo gukora icaha, ubuntu n’igisubizo ku caha.

Ehe kimwe mu bibazo abakristu bishika bakibaza:
« Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ng’ubuntu bg’Imana bugwire? »(Abaroma 6:1)

Abakristo barakwiriye gusoma neza ivyanditswe.
Umurongo ukurikira uratanga igisubizo kw’ico kibazo. Handitswe ngo:
« Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute? »(Abaroma 6:2)

Erega « uwama akora ivyaha » yitwa « umunyavyaha ».
Yamara, Ubuntu bg’Imana nibwo buza buhindurira izina uwizera, bukamukurako iryo zina ribi rya kamere y’ivyaha akomora kuri ADAMU, n’ubwo rimwe na rimwe ashobora kugwa mu caha, bukamuha irindi zina, rya kamere ya YESU yamucunguye, bukamwita « umugororotsi ».
« Nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi. »(Abaroma 5:19)

Ubuntu bg’Imana rero, s’uruhusha rwo gukora icaha, ubuntu bg’Imana n’igisubizo ku caha.
Nico gituma aho ivyaha bigwiriye, Imana ihagwiza ubuntu bgayo kugira ngo « nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.(Abaroma 5:21)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe gutahura ubuntu bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *