UBWO URASHINGIR’INTAHE YESU CANKE URAMWIHAKANA?

Abakirisitu benshi batura Yesu nk’Umwami n’Umukiza wabo ariko uravye neza, ugasanga mu buzima bwabo n’ibikorwa vyabo bihakana Yesu bagakorera Satani!

Yesu abivugako iki?
Avuga ati:
« Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru. Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru. »(Matayo 10:32-33)

None duhakana dute Yesu? Muvy’ukuri, ntibihagije kuvuga ko wemera Imana na Yesu Kristo kandi ko Mpwemu Yera aba muri wewe. Ubuzima bgawe mbere y’abantu butegerezwa kubishingira intahe.
Nimba ibikorwa vyawe, imyitwarire yawe n’ubuzima bgawe bidahuye n’amajambo watura, n’ubugombe bg’Imana n’ijambo ryayo, ayo majambo yawe n’ay’ubusa. Kandi muvy’ukuri, uba wihakanye uwo watuye mu majambo.
Erega, muvyukuri, ubishaka canke utabishaka, biciye mu ngendo yawe n’ubuzima bgawe, urerekana umwami wawe uwo ari we, ko ari Yesu canke Satani. Niba mbere y’abantu, ubuzima bgawe bushingir’intahe ko Yesu ari we ayobora ibikorwa vyawe, n’ivyiyumvo vyawe, uba watuye mu ngiro Yesu kandi nawe azokwatura imbere ya se.
Ariko nimba mu bundi buryo, n’aho watura mu majambo ko Yesu ari Umwami wawe, ariko wereka abantu ko atari Yesu ari hagati y’ubuzima bgawe, ko atari we ayobora ibikorwa vyawe n’ivyiyumviro vyawe, menya ko umwihakana.
Muri ico gihe, ubaye umunyakuri, ntiwokwizera ko nawe azokwaturira imbere ya Se, mw’Ijuru.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, udufashe kutazigera twihakana umwana wawe imbere y’abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo nyene tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *