UHORAHO, TABARA UMUTIMA WANJE

Ntawoshobora kurokora ubugingo bwacu uretse Imana yacu yonyene.
Niyo mpamvu Dawidi atiyambaza umuntu uwariwe wese, mbere atiyambaza n’abaherezi, ahubwo yiyambaza Imana yonyene.

« Ewe Uhoraho garuka, utabare umutima wanje,
Unkize kubg’ imbabazi zawe. Kuk’ utazokwibukirwa mu rupfu; Ni nde azogushimira i kuzimu? »(Zaburi 6:4-5)

Ikosa riguma ryisubiramo, icaha tutihanye, cokimwe n’imyitwarire mibi n’ingeso mbi zatunaniye guheba, bigize umutwaro uremereye imitima yacu, dukwiriye gusaba Umwami kudukiza.
Dusaba Imana kudukiza ibintu vyose bishobora kutubuza kuyegera no kuyishimira tukiriho.
Kandi kubera imbabazi zayo Imana ntiyihutira kuduhonya. « Ariko yihanganira twebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. »(2 Petero 3:9)
Kubera imbabazi zayo, Imana iradukiza ivyo twananiwe kwikiza kandi ata n’uwundi yoshobora kudukiza.
Kandi Imana ntidukiza canke ngo idutabare kubera ubuziraguhemuka bwacu canke ikindi kintu cose kituvako, ibikora kubg’imbabazi zayo gusa,kuko Imana yacu ni Imana y’urukundo n’impuhwe.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, tabara imitima yacu, kugirango tubashe kugushima no kugusenga.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *