UMUTIMA URI KURE Y’IMANA

Uwizera, iyo umutima wiwe uvuye ku Mana, ukigira kure yayo, wibagira vuba ubuja yabayemwo igihe Satani yamuganza.
Abona isi (igereranywa na Egiputa) mu muco mwiza, akibagira igiciro co kwishura urukundo rw’ivy’isi rumubesha.

« Twibutse ya mafi twarya tukiri muri Egiputa ata co dutanze, n’amakonkomburi n’amapapayi n’amapwaro n’ibitunguru vya betsalimu n’ivya sumimu. Ariko non’ uburuma buratwishe: nta kindi na kimwe twezakw ijisho atar’ iyi manu gusa. »(Guharura 11:5-6)

Naho amafi ari menshi muri Nili ku buryo agurwa ubusa, abana ba Isiraheli bayariye bayabiriye akuya.
Amakonkomburi, amapapayi, amapwaro, ibitunguru vya betsalimu n’ivya sumimu ni imboga zifise ibintu bitatu biziranga:
1. Ziva mw’ivu, bishushanya ivyiyumviro vyibanda ku vy’isi. (Soma Ab’i Filipi 3:19)
2. Zifise amazi kandi nta intungamubiri zifise: kurya ivyo isi itanga bitanga gusa guhemukirwa n’ubusa.
3. Zitanga umwuka mubi mu kanwa: Iyo turi mu bintu vy’isi, bitebe bitebuke biriyerekana mu miterere yacu.
Reka rero twirinde kwiyonona ubwacu dusoma, turaba firime canke ibiganiro bikwegera umubiri wacu mu vy’isi ariko bigasiga umutima ushonje kandi vyanduza impwemu yacu vyinjiza « ibintu vyisi ».(Soma Ab I Kolosayi 2:8)

Gukunda ivy’isi ntibidutera kwifuza ibyo tudafise gusa ahubwo tunasuzugura n’ivyo dufise.
Manna, uyu mutsima uva mw’ijuru watanzwe n’Imana, warasuzuguwe n’abisiraheli. Kuri twebge, bishushanya Kristo yatanzwe mu vyanditswe.
Ubwo inyota yacu yo gusoma Bibiliya yoba yaragabanutse?
Duhitamwo gusoma ivyo isi iduha kuruta ijambo ry’intungamubiri ry’Imana?

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe inkomezi zo kurwanya ivyifuzo vy’isi vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *