UREMERA KO ARI IMANA IBIKORA ?

Dawidi akomezwa no kwibuka ubutabazi Imana yamukoreye kera, nk’uko yabibwiwe n’abakurambere. Hanyuma, ahamagara Imana ya Yakobo ayisaba ko yoguma imutabara ku bibazo biri imbere yiwe.

« Kuk’ umuheto wanje atari wo nzokwishimira, Kand’ inkota yanje atari yo izonkiza. Ariko ni wewe wadukijije abansi bacu, Watetereje abatwanka. Imana ni yo twirata umusi ukira, Kandi tuzoshima izina ryawe ibihe bidashira. »(Zaburi 44:6-8)

Cokimwe na Dawidi, reka twicishe bugufi bihagije kugira twemere ko Imana ariyo yadutabaye incuro nyinshi kandi ariyo ihora idukiza mu bihe vyinshi bigoye. Ntitwibaze ko ari inkomezi zacu, ubutwari bwacu canke ubwenge bwacu.
Dusubije amaso inyuma, tukibuka ibihe bibi twaciyemwo, tugasaba Mpwemu Yera kutumurikira, no kutwereka neza na neza uko vyagenze, dusanga ari Imana yahabaye ikadutabara, ivyo bigatuma duca dukomera kugira dushobore kuzohagarara neza no mu bihe bir’imbere tutazi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kwemera ko ari wewe udukiza mu bihe vyose bigoye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *