UR’ICAREMWE GISHA ?

Bibiliya ivuga ko umuntu wese yemera Kristo ahinduka icaremwe gisha. Kandi impinduka itegerezwa kubaho mu vyiyumviro vyiwe no mu bikorwa vyiwe.

“Umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha..”(2 Abakorinto 5:17)

None wewe, niwaba uvuga ko uri muri Kristo, ni iki cahinduwe mu buzima bgawe?
Mubisanzwe, impinduka zitegerezwa kubaho mu buzima bwacu kubwo « guhindurwa basha na Mpwemu Yera.”(Soma Tito 3:5)
Ivyiyumviro vyacu n’ibikorwa vyacu, bitegerezwa kumera nk’ivya Kristo.
« Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu. »(Abafilipi 2:5)
« Ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira. »(Abafilipi 4:8)
Ni kimwe n’ivyifuzo vyacu, navyo nyene bitegerezwa kuba bidahahamiye ivy’isi.
Dukwiye « gukurikira ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza. »(1 Timoteyo 6:11)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kworohera impinduka Mpwemu Yera akora mu buzima bwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *