URUKUNDO RWANYU RWOYE KUBA URUHEYIHEYI

Umubano mu bantu ukwiriye kuba ushingiye ku rukundo rutarangwamwo uburyarya nk’uko Intumwa Pawulo abivuga.

« Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza. »(Abaroma 12:9)

Gukunda ntibiba mu majambo gusa, ahubwo bigaragarira mu kwitanga bifatika.
Urukundo rw’ukuri, rumwe ruva ku Mana, rurengera ivyo tubona n’amaso yacu, uko twiyumva n’ivyo twiyumvira kugira ngo habeho umubano mwiza mu bantu kandi tubashe no kugiriranira neza.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe gukunda nk’uko ukunda.
Ni mu izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *