URUKUNDO S’AMARANGAMUTIMA

Bibiliya itwigisha ko Imana ari urukundo kandi ko babonera ko turi ab’Imana ku rukundo dukundana.

Ariko birababaje kubona hari bamwe bitiranya urukundo n’amarangamutima!
Yamara, nimba « Imana ari urukundo » nk’uko vyanditswe muri 1Yohana 4:8, urukundo ntirushobora kuba amarangamutima. Ni runini cane kandi rurakomeye kuruta amarangamutima.
N’uburyo Imana yigaragazamwo nk’uko Imana yabikoze mu kurungika Umwana wayo w’ikinege ngo apfe ku musaraba kugira ngo ikiremwamuntu kirokoke.
« Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. »(Yohana 3:16)

Urukundo rero s’amarangamutima, reka kwitiranya ibintu.
Iyo umuntu avuze ati « Nakunze », biba ari amarangamutima, ntibiba ari urukundo.
Kandi urwo rukundo rushobora guhindukamwo urwanko umwanya uwar’iwo wose.
Ariko, ntidushobora kwanka umuntu dukunda vy’ukuri, twanka gusa abantu twakunda urukundo rw’akanya gato.
Aho niho dusanga itandukaniro riri hagati y’urukundo rw’ukuri n’urukundo rw’akanya gato.
Urukundo s’amarangamutima, n’ubuzima.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kudasubira kwitiranya urukundo n’amarangamutima kandi udufashe gukunda nk’uko ukunda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *