VAVANURA N’URWANKO

Urwanko rurasambura.
Urukundo rurunga.

Urwanko ruboha umutima.
Urukundo rurawubohora.

Bibiliya iratomoye:
«Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ udakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye.» (1 Yohani 4:20)

Urwanko si ivyiyumvo gusa — ni ingeso y’umutima itandukanya umuntu n’umutima w’Imana.
Ntushobora kugendera mu muco ugifise umwijima muri wewe.

Yesu ntiyavuze ati: « Mukunde ababikwiriye. »
Yavuze ati:
«Mukunde abansi banyu, musabire ababahama.» (Matayo 5:44)

Ibi s’ivy’abantu — ni ivy’Imana.
Ni kamere ya Kristo muri twebwe.

«Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.» (Abaroma 12:21)

Uyu musi, hitamwo urukundo.
Vuga OYA ku rwanko.

IGISABISHO:
Mwami, yeza umutima wanje. Kuramwo imbuto zose z’urwanko.
Nyigisha gukunda, kubabarira no kugendera mu muco wawe. Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *