VYOSE BIRAFISE INSIGURO

Umuntu afise urudandaza ruter’imbere azokubwira ko yagize amahirwe(yagiz’Imana).
Umugore yubakanye n’umugabo mwiza azovuga ko yamuronse kubg’amahirwe(kubg’igihamana).
Umuntu ahuye n’ivyago atuma urutoki icabimuteye kugirango yisigure.

Izo nyigisho zose n’iz’ibinyoma, kuko IMANA niyo itunganya vyose.
« Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’umuremyi w’umwiza; nd’isoko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose. »(Yesaya 45:7)

Kwizera ko ibitubako bibako ku gihamana n’ugusuzugura akamaro dufise mu maso y’Imana.
Kuba yaratanze Umwana wayo w’ikinege agapfira ku musaraba kugirango turokoke, IMANA yerekanye ko dufise agaciro cane mu maso yayo.

Turibesha rero, ku Mana, nta gihamana kibaho. Imana ikora vyose ifise imvo n’intumbero kandi turi ab’igiciro mu maso yayo ntiyotwirengagiza.
Ivyo ari vyo vyose vyaba vyiza canke ibigoye duhura navyo, ntitwiyibagize ko Imana ariyo idutegurira kazoza kacu kandi ko igenzura ikintu cose kitubako.
Vyongeye kandi, reka twizere IMANA, kuko, « ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye. »(Abaroma 8:28)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kukwizigira mu bintu vyose bitubako.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *