YEZU KRISTO S’INZIRA MU ZINDI

Mvuze ko Yesu Kristo ari inzira ishika kwa Data, Abayisilamu nabo bashobora guca bavuga ko Muhamadi nawe ari inzira, Ababuda nabo bakavuga ko Buda nawe ari inzira nk’uko n’umuntu awariwe wese yoshobora kuvuga ko azi iyindi nzira itandukanye n’izo zavuzwe.

Yamara, Yesu Kristo s’inzira mu zindi nzira nyinshi, ahubwo NIWE NZIRA, imwe rudende muvy’ukuri.

Hari abavuga ngo inzira zose zirashika i Roma. Ariko siko bimeze ku Mana, inzira zose ntizishika ku Mana, inzira ishikanayo ni YESU KRISTO gusa.
Yesu Kristo aravyivugira neza:
« Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye. »(Yohana 14:6)

Nimba Muhamadi na Buda ari inzira, n’abandi bose kakaba bashobora kwironderera inzira zabo, nta n’umwe yubahutse canke arubahuka kuvuga ko ariwe Buzima n’Ukuri.
Yesu Kristo niwe nzira yonyene ibaho idushikana kwa Dawe wa twese ari mw’ijuru kuko atawoshika kuri We, atari Yesu Kristo amujanye.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe gushikama mu kwemera no mu kwizera kwacu ko ata yindi nzira ibaho yokudushikanako atari Yesu Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo nyene tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *