MENYA KWITANGIRA!

«Umuntu atitangira mu mutima, ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro.» (Imigani 25:28)

Igisagara kitagira uruzitiro kiba ahantu hagaragara, katagira uburinzi. Umwansi arashobora kucinjiramwo uko ashaka, kuko ata kintu na kimwe kikirinda.

Ni ko bimeze no ku muntu atamenya kwifata no kwitangira mu mutima wiwe.

Iyo udashobora gutegeka uburake bwawe, amajambo yawe, ivyipfuzo vyawe canke ingene witwara, uba umeze nk’igisagara gisambutse uruzitiro.

Agatutsi kamwe gashobora gutuma uraka.
Ikigeragezo kimwe gishobora kugutsinda.
Igikomere kimwe gishobora kugutera kwihora.
Amarangamutima ataganzwa arashobora kugutuma ufata ingingo uzokwicuza mu nyuma.

MENYA KWITANGIRA!

Ntureke uburake bwawe abe ari bwo bukuvugira.
Ntureke amarangamutima yawe abe ari yo aganza ururimi rwawe.
Ntuvuge ikintu cose wumva mu mutima wawe.
Ntureke umuntu wese aguteye uburake abe ari we agutegeka ingene umwishura.

Hari igihe intsinzi atari ugusubiza, ahubwo ari ukumenya igihe co guceceka.

Amajambo yawe arashobora kwubaka, ariko arashobora no gusenya.
Arashobora gukiza, ariko arashobora no gukomeretsa.
Arashobora kuzana amahoro, ariko arashobora no guteza amatati.

Ni co gituma Ivyanditswe bivuga biti:
«Urinda akanwa kiwe n’ururimi rwiwe, Umutima wiwe aba awurinze amagorwa.» (Imigani 21:23)

Umuntu atitangira mu mutima ameze nk’igisagara gitewe gisambutse uruzitiro—kirakinguye, ntikigira uburinzi kandi ikintu cose kirashobora kucinjiramwo.

Ariko ukwifata no kwitangira mu mutima bigushingira uruzitiro rurinda ubuzima bwawe. Bigutoza kwiyumvira imbere yo kuvuga, gutekana imbere yo kwishura no guhitamwo amajambo meza.

Ntubwirizwa kwishura umuntu wese aguteye uburake.
Ntubwirizwa gutsinda impaka zose.
Ntubwirizwa kwama ari wewe uvuga ijambo rya nyuma.

Rimwe na rimwe, guceceka ni bwo butwari.

Uyu musi, saba Imana igufashe kwitangira mu mutima, kurinda ururimi rwawe no kuganza amajambo yawe.

MENYA KWITANGIRA!

Subira ushireho uruzitiro rwawe.
«Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.» (Yakobo 1:19)

Shalom!
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *