«Nta kibi kizogira ico kikugira, Kandi nta cago kizokwegera ihema ryawe. Kukw azokuragiza abamarayika biwe, Ngo bakuzigame mu nzira zawe zose.»(Zaburi 91:10-11)
Hari isi itagaragara iri hafi yacu, yuzuye ubuzima n’ubukomezi bw’Imana.
Nta maso yacu ibibona, ariko biriho koko.
Muri iyo si, abamalayika b’Imana bahagaze biteguye gukora ivyo Imana ibategetse, barinda abayo bose.
Ijambo ry’Imana rivuga riti: Imana itegeka abamalayika bayo kukuzigama mu nzira zawe zose, si kubera ko uri intahemuka, ahubwo kuko uri umwana wayo.
Iyo umuntu yakiriye Yesu Kristo nk’Umukiza wiwe n’Umwami wiwe, aba yinjiye mu muryango w’Imana.
Uwo mwanya nyene, ijuru rimumenya nk’umwana w’Imana, kandi Imana imushira mu burinzi bw’abamalayika bayo.
S’inkuru y’iciyumviro, ahubwo n’ukuri: umwana w’Imana wese ararinzwe n’abamalayika b’Imana ijoro n’umurango.
«Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha,
Akabarokora.» (Zaburi 34:7)
N’ubwo tutabibona, barahari.
N’ubwo tutabumva, barakora.
Mu rugendo, mu masengesho, mu bitugerageza, abamalayika b’Imana barakorera Imana: baratubungabunga, bakongera ukwizera kwacu, bakaduhumuriza.
Iyo tuba tubizi neza, ntitwotinya — vyaba ivyago, vyaba ivy’ejo, yaba urupfu — kuko ijuru ryose riraturinda.
Ariko iyo mpuhwe y’Imana ikora kubwo kwizera.
Ukwizera gufungura amaso yacu yo mu mpwemu kugira ngo tubone ukuboko kw’Imana mu buzima bwacu bwa minsi yose.
Ukwizera ntigusaba kubona abamalayika, kushingira kw’Ijambo ry’Imana ryonyene gusa.
Uko twizigira Imana cane, niko uburinzi bwayo burushaho kugaragara.
«Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?» (Abaheburayo 1:14)
Umwana w’Imana rero ntaba wenyene.
N’igihe yumva abantu bose bamuhevye canke bamukuyeko amaboko, aba akikujwe n’ijuru.
Abamalayika ntibasubirira Imana, ahubwo berekana urukundo n’ubuziraguhemuka bwayo.
Ni abarinzi b’ubuntu, abagabo bacecetse b’ubuzima bwacu.
Ko ubimenye, uzohora ugenda wicishije bugufi, wizeye.
Ntuzosubire gutinya, kuko urinzwe n’abamalayika b’Imana.
Imana usenga yategetse abamalayika bayo kukurinda mu nzira zawe zose.
Kandi igihe cose ubandanya kugendera mu maso yayo, ubuzima bwawe buri mu biganza vyayo.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Icabona c’ubuntu bw’Imana busubiza ubuzima
