IMPWEMU Y’UBUJA

«Kuko mutahawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwahawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana…» (Abaroma 8:15)

Inkuru ya Hagari ni imwe mu nkuru zikora ku mutima cane dusanga muri Bibiliya.

Kubera ko yari incoreke ya Sarayi, yakoreshejwe nk’uburyo bwo gutorera umuti ikibazo kitari iciwe.
Sarayi na Aburahamu ni bo bamufatira ingingo zerekeye ubuzima bwiwe.

«Sarayi abarira Aburamu, ati Raba, Uhoraho yanyimye ivyara; enda vyara ku ncoreke yanje: kumbure nzoronkera akana kuri we. Nuko Aburamu yumvira Sarayi.» (Itanguriro 16:2)

Umubiri wiwe, kazoza kiwe n’ubuzima bwiwe vyashizwe mu gukorera inyungu za Aburamu na Sarayi.

Amaze gusama inda, amatati yaradutse. Uwari yarabaye ingirakamaro yarahavuye afatwa nabi, arankanwa, maze aruhira guhungira mu bugaragwa.

«Sarayi amukoresha agatuzo, araruha aramuhunga.» (Itanguriro 16:6)

Iyi nkuru iratuburira ku bijanye n’impwemu y’ubuja.

Impwemu y’ubuja ituma umuntu abaho kugira ngo ahimbare abandi gusa, rimwe na rimwe akavyigura agaciro kiwe, amahoro yiwe mbere n’isano afitaniye n’Imana.
Umuntu aganzwa n’iyo mpwemu agira ingorane zo kuvuga ati OYA, akemera ibitemewe, akihanganira akarenganyo mu gacerere, kandi akenshi agakoreshwa hanyuma agahebwa iyo amaze kuba ngirakamaro.

Muri iki gihe tubayemwo, hari abantu begera abandi kubera inyungu zabo bwite gusa. Barahenda, bagakoresha nabi abandi, bakabacinyiza kandi bakungukira ku bugwaneza, ku ntege nke canke ku cizere vy’abandi.
Igihe cose bariko bararonka ico bashaka, baguma hafi. Ariko bamaze gushika ku migambi yabo, ntibatinda guheba abo bakoresheje.

Abizera bakwiye kuguma bari maso.
Kuba mwiza si ukwemera ivyo ukoreshwa vyose canke gufatwa uko abantu bigombeye.
Urukundo ntirusigura kwemera kuguma ukinishwa n’abandi. Guharira ntibisigura kwama wishira mu maboko y’abaguhohotera.

Imana iduhamagarira gukorera abandi, ariko ntitwigere duhinduka abaja b’ivyipfuzo vy’ubwikunzi kw’abantu.

Bibiliya itwigisha ko Yesu Kristo yaje kugira ngo abohore imbohe.

Muri Kristo, ntituri ibikoresho abantu bakoresha ku nyungu zabo.
Turi abana b’Imana, baremwe mw’ishusho yayo, bacunguwe igiciro kinini kandi bahamagariwe kugendera mu mwidegemvyo w’Impwemu.

Nimba hari imigenderanire ikuvana ku Mana, igahungabanya amahoro yawe, igasuzugura agaciro kawe canke igahora igukoresha ata kwubaha canke gushimira, saba Umwami aguhe ubwenge bwo gushiraho imbibe.
Ntutinye kwitandukanya n’abashaka kugucinyiza canke kugukoresha ku nyungu zabo.

Nk’uko vyagendekeye Hagari mu bugaragwa, ibuka ko Imana ibona imibabaro yawe.

Aho abantu bakubona nk’igikoresho gusa, Imana ikubona nk’umuntu w’agaciro. Aho abantu bagukoresha, Imana iragukunda. Aho abantu bakwanka, Imana iguhamagara mu izina ryawe.

Uyu musi, hakana impwemu y’ubuja. Reka gutinya abantu. Wanke ugukinishwa n’abandi. Gendera mu mwidegemvyo Imana yaguhaye, kandi wibuke ko utaronse impwemu y’ubuja, ahubwo wakiriye Impwemu y’ukugirwa umwana w’Imana.

IGISABISHO:
Data wo mw’ijuru, ndokora mu mpwemu yose y’ubuja no mu buryo bwose bwo gukinishwa n’abandi.
Mpa ubwenge bwo kumenya abashaka kunkoresha ku nyungu zabo bwite.
Nyigisha kugendera mu mwidegemvyo, mu gaciro no mu kimenyetso c’umwana w’Imana wampaye muri Yesu Kristo. Impwemu yawe n’indongore kandi indinde iminsi yose.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *