Bibiliya irerekana ko ikibi atari ikosa risanzwe canke intege nke z’akanya gato.
Ni ikintu cose kirwanya ivyo Imana igomba, kigahindura ukuri kandi kigasambura ubuzima.
Nk’uko Igitabu ca Yesaya 5:20 kibivuga giti: “Bazobona ibara, abita ikibi iciza, iciza bakacita ikibi…”, hari akaga gakomeye ko guhindura ivyiza n’ibibi.
Kenshi ikibi gitangurira mu mutima no mu vyiyumviro imbere y’uko kigaragara mu bikorwa, nk’uko bivugwa mu gitabu c’Imigani 14:22 giti: “Abigenera ikibi mbega ntibaba bazimiye?”, kandi amaherezo kikagira inkurikizi zigaragara n’izitagaragara.
Imana ntiyihanganira ikibi. Ijambo ryayo rivuga ryeruye riti: “Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi…” (Igitabu c’Imigani 8:13)
Ihamagarira abantu bose kukireka: “Tandukana n’ibibi, ukore ivyiza.” (Igitabu ca Zaburi 34:15)
Imana ntiyemera kubana n’ikibi; iragihana, ariko mu buntu bwayo iratanga inzira yo kugikizwa, nk’uko bigaragara mu gisabisho twigishijwe muri Matayo 6:13: “Udukize wa Mubi.”
Ikibi kigira inkurikizi zikomeye. Uwukora ikibi arayoba, akitandukanya n’Imana kandi agashira ubuzima bwiwe mu rubanza, kuko “Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.” (Umusiguzi 12:14).
Ariko ikibi ntikibabaza gusa uwugikora; kirakomeretsa n’uwugikorerwa, kigateza ububabare, akarenganyo n’ibikomere bikomeye.
Naho bir’uko, no mu gihe hari ikibi, Imana ihamagarira abantu guhitamwo iyindi nzira: “Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, kugira ngo mubone kubaho.” (Amosi 5:14).
Ijambo ry’Imana ntiryihanganira ikibi: “Mwanke ibibi.” (Abaroma 12:9) kandi “mwirinde icitwa ikibi cose.” (1 Abatesalonike 5:22).
Ibi s’impanuro gusa, ahubwo n’ihamagarwa ryeruye ryo kubaho ubuzima bushasha aho ikibi kitagifise ikibanza.
Ikibi ntigihindura kamere yaco bitewe n’uwugikora canke uwugikorerwa.
Ikibi kiguma ari ikibi—caba kiva ku mugenzi canke ku mwansi, ku wukomeye canke ku wusanzwe.
Imana ntigishigikira na rimwe.
Ihamagarira umuntu wese kukireka no kugendera mu ciza.
IGISABISHO:
Mwami Mana, mpa umutima wanka ikibi ugakunda ukuri.
Ndinda ubwoko bwose bw’ikibi, mu vyiyumviro vyanje, mu majambo yanje no mu bikorwa vyanje.
Mpa inkomezi zo guhitamwo iciza, naho vyoba bigoye.
Ndokora ikibi kandi unyobore mu bugororotsi bwawe.
Mw’izina rya Yesu, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
