NTIWIBAGIRE UWO URI MU MANA

Muri Bibiliya dusangamwo inkuru idufasha gutahura uburyo ivyiyumviro bimwebimwe n’ingene umutima umeze bishobora gutuma twibagira ko turi abana b’Imana.

Muri Luka 15, Yesu yavuze umugani w’umugabo yari afise abahungu babiri.
Umuhungu mutoya yasavye se umugabane w’itunga ryiwe, ava muhira aja kubaho mu bwigenge no mu buzima bw’ubuhumbu.
Ariko amaze gutakaza vyose, yagarutse kwa se, maze se amwakirana umunezero mwinshi kandi amutegurira umunsi mukuru.

Umuhungu mukuru abonye ukuntu se yanezerewe kubera ukugaruka kwa murumuna wiwe yari yazimiye, yagize ishari maze abwira se ati:
“Raba iyi myaka ingana irtya ngukorera…” (Luka 15:29)

Kubera ishari, yari yibagiye ko yari umuhungu kandi ko yari umuragwa.
Yiyumvira ko ari umusuku gusa.

Ni ko bimeze no kuri bamwe mu bana b’Imana: bibagira ko ari abana b’Imana maze bakabaho nk’abasuku, kandi ari abaragwa b’amasezerano y’Imana.

Ariko Imana “yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara.” (Abanyefeso 1:5)

Kandi Bibiliya ivuga iti:
“Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana.” (Abaroma 8:16)

Ariko hari ivyiyumvo bishobora gutuma twibagira abo turi mu Mana.

Ishari
Ishari rituma twama turaba imigisha y’abandi aho kuraba Imana.
Rituma twiyumvira ko tudafise agaciro canke ko Imana yatwibagiye.

Ubwoba
Ubwoba buraduhagarika kandi bugatuma tubaho nk’abaja: ubwoba bwo kwankwa, gutsindwa canke ubw’ejo hazoza.
Butuma twibagira ko Imana ari Data wa twese.

“Kukw Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ ubushobozi n’urukundo n’ukwirinda.” (2 Timoteyo 1:7)

Ibindi vyiyumvo bibi n’ibi:
– Isoni
Isoni zituma twiyumvira ko tutagikwiye kwitwa abana b’Imana.
– Kwiyagiriza birenze urugero
Kwiyagiriza birenze urugero bituma duhunga Imana aho kuyigarukako nk’umwana asanga se.
– Ubwibone
Ubwibone butuma tubaho tutisunze Imana, nk’aho twokwibeshaho twenyene.
– Kwankwa
Kwankwa bituma twiyumvira ko nimba abantu badutaye, n’Imana yadutaye.
– Gucika intege
Gucika intege bituma twibagira amasezerano n’umurage Imana yateguriye abana bayo.
– Kwigereranya n’abandi
Kwigereranya n’abandi bituma dusuzugura ivyo Imana yashize muri twebwe.
– Umubabaro n’inzigo vyo mu mutima
Umubabaro n’inzigo vyo mu mutima bidutandukanya n’ubusabane dufitaniye n’Imana.
– Gukekeranya
Gukekeranya bituma dukekeranya urukundo n’ubwizigirwa bw’Imana.
– Gukunda ivy’isi
Gukunda ivy’isi bituma twibagira ubuzima bwacu bwo mu mpwemu.

Kenshi:
– ishari rituma turaba abandi;
– ubwoba bugatuma turaba ibibazo;
– ariko ukwizera gutuma turaba Imana.

Ukuri kwa Bibiliya kuguma ari kumwe:
“Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi.” (1 Yohana 3:1)

Intambara yo mu buryo bw’impwemu akenshi itangurira aho: kudutuma twibagira abo turi mu Mana.

ISENGESHO:
Mwami, dufashe kutazokwigera twibagira ko turi abana bawe. Kiza imitima yacu ishari, ubwoba, ugukekeranya n’ibindi vyose bidutandukanya nawe. Twigishe kubaho mu kwizera no mu kwizigira urukundo rwawe. Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *