« Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. » (Abanyefeso 2:8-9)
Hari abantu benshi bibaza bati: « Mbega abantu bazoja mu muriro kubera ivyaha bakoze? »
Iyo twihweje neza Bibiliya, turabona ko abantu bose bakoze ivyaha.
« Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bg’Imana. » (Abaroma 3:23)
Nimba Imana yocira abantu urubanza ishingiye gusa ku vyaha bakoze, nta n’umwe yokijijwe.
Twese twari dukwiriye gucirwa urwo gupfa.
« Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu. » (Abaroma 6:23)
Ariko kubera urukundo rwayo, Imana yatanze Yesu Kristo kugira ngo yikorere igihano c’ivyaha vyacu.
« Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. » (Yohana 3:16)
Abazoja mw’ijuru ntibazoba bahageze kubera ko batigeze bacumura.
Bazoba bahageze kubera ko bizeye Yesu Kristo kandi bakakira ubuntu bw’Imana.
Abazohona na bo ntibazoba bahamwe n’uko ari bo bonyene bakoze ivyaha, kuko abantu bose babikoze.
Bazoba bagumye munsi y’urubanza rw’ivyaha vyabo kubera ko banse agakiza kabonetse muri Kristo.
« Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’utumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’uburake bg’Imana buguma kuri we. » (Yohana 3:36)
Agakiza ntikava ku bikorwa vyacu, ahubwo kava ku buntu bw’Imana bwakiriwe kubwo kwizera.
« Kand’ utizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwegera Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impera abayirondera. » (Abaheburayo 11:6)
NONE IVYO BISIGURA KO TWEMEWE GUCUMURA?
Oya.
« Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ng’ubuntu bg’Imana bugwire? Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute? » (Abaroma 6:1-2)
Ubuntu bw’Imana si uruhusha rwo gukora icaha.
Ahubwo burahindura umutima w’umuntu kandi bukamwigisha kubaho ubuzima bushasha.
Ntidukora ivyiza kugira ngo dukizwe. Dukora ivyiza kubera ko twakijijwe.
Uyu musi, ntukizere ibikorwa vyawe. Izere Yesu Kristo, wemere ubuntu bw’Imana, kandi ugendere mu bugingo bushasha wahawe.
Nta muntu n’umwe azokizwa kubera ibikorwa vyiwe. Abazokizwa bose bazokizwa n’ubuntu bw’Imana babuheshejwe no kwizera Yesu Kristo.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, ndemera ko ndi umunyavyaha kandi ko ntashobora kwikiza.
Nizeye ko wapfiriye ivyaha vyanje kandi ko wazutse kugira ngo umpe ubugingo budashira. Ndakwakiriye nk’Umwami n’Umukiza wanje.
Nyobora mu nzira yawe. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
