UMUTEGO W’INTSINZI

Uziya yagizwe umwami afise imyaka cumi n’itandatu gusa. Kuva agitangura ingoma yiwe, yarondera Imana kandi yihatira kugendera mu nzira zayo.
Igihe cose yizigira Uhoraho, Imana yaramuhezagira, iramuroraniriza kandi imuha intsinzi idasanzwe.

Ariko Bibiliya iratugabisha iti:
« Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe… » (2 Ngoma 26:16)

Intsinzi Uziya yari yarahawe n’Imana yahavuye iba umutego wiwe.
Aho kuguma yicisha bugufi no gushimira Imana, yibagiye ko ugukomera n’ugutunganirwa kwiwe vyava ku Mana.
Umutima wiwe wuzura ubwibone, atangura gukora ivyo yishakiye.

S’ubukene, s’ugutsindwa canke imibabaro vyamugwishije. Ahubwo n’ukuba agahambaye vyiwe vyamubereye umutego kuko atagumye yicisha bugufi imbere y’Imana.

Inkuru ya Uziya iratwibutsa ko imigisha y’Imana ishobora guhinduka umutego igihe duhagaritse kwizigira Imana. Intsinzi, ubutunzi, impano canke ububasha si bibi ubwavyo; ariko biba akaga igihe twitwaza icubahiro gikwiye Imana yonyene.

Iyo Imana idushize hejuru, ntiba ari ukugira ngo natwe twiheshe icubahiro, ahubwo ni ukugira ngo ubwiza bwayo buboneke.
Uko irushiriza kuduha imigisha, ni ko natwe dukwiye kurushiriza kwicisha bugufi.

Intsinzi nyakuri si ugushika gusa ku rwego rwo hejuru, ahubwo ni ukuguma turi intahemuka ku Mana tumaze kuhagera.

ISENGESHO:
Mwami,
Nkingira umutego w’ubwibone. Iyo undonsa imigisha kandi ukanshira hejuru, mfasha sinzokwigere nibagira ko vyose biva kuri wewe.
Reka intsinzi yanje inyegereze kuri wewe aho kunjana kure yawe.
Ndabisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *