«Iyo usambuye ubuzima bw’umuntu ukoresheje ibinyoma, ubifate nk’umwenda: bizokugarukako bifise n’inyongera.»
Urashobora guhenda abantu, ariko ntushobora guhenda Imana.
Izina ry’umuntu rishobora kwononwa n’ibinyoma, ubuzima bukagirwa nabi n’ibirego vy’ibinyoma, ariko Imana irabibona kandi nta kintu na kimwe kiyihishwa.
«Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.»
(Ab’i Galatiya 6:7)
Nuko rero, witondere ivyo ubiba mu buzima bw’abandi.
Biba ukuri.
Biba ubutungane.
Biba urukundo.
Kuko umusi umwe, ivyimburwa bizoshika.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
