N’AMAHORO GA NCUTI?

Inyuma yo kugumuka kwa Abusalomu, Dawidi yahisemwo Amasa ngo amubere umukuru w’ingabo ziwe amusubirije Yowabu (2 Samweli 19:13).
Yowabu ntivyamuguye neza kuko n’ubundi Amasa yari yarahisemwo kujya mu ruhande rwa Abusalomu kandi yari yaranayoboye ingabo za Isiraheli.

Amasa ageze imbere y’Abayuda kugira ngo abahamagare, nk’uko Umwami Dawidi yari yabimutumye, Yowabu yari ahari. Yowabu abwira Amasa ati:
« N’amahoro ga ncuti? »(2 Samweli 20:9)
Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ugira amusome, muri ako kanya nyene, akoresheje ukuboko kwiwe kw’ibubamfu, azibuza inkota yiwe ku nda ya Amasa, amara yiwe aseseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; n’ukw arapfa.

Ivyo Yowabu yakoreye Amasa bigaragaza ubuhemu buri muri we, n’ububi bwiwe.
Dukwiriye kwirinda abantu nk’abo mu mubano wacu n’abandi kandi tugasaba Imana kubaturinda.
Biramutse bishitse, ku mpamvu zitatuvuyeko, tukisanga imbere y’abantu babi canke abantu bafise imyitwarire iteye amakenga, dukwiriye kubitondera.
Ni vyiza ko twokwirinda kubana n’abantu babi mu buzima bwacu kuruta gukomeza umubano w’uburyarya nabo, kugira ngo ntitugwe mu mitego yabo.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turinde abantu babi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *