YATUMYE BATUMVIKANA !

Abantu b’i Babiloni bari bafise ururimi rumwe, n’amajambo amwe, kandi bari bamwe.
Umunsi umwe, biyumvira kwubaka umunara ufise uburebure buzogera mw’ijuru, kugira bawuduzeko bazoshike muri paradizo. Uyo munara witwa « umunara wa Babeli », « babel » bisigura « irembo ry’ijuru ».
Kubera ko bari bafise umugambi mubi kandi bari babitewe n’ubwibone, Imana yarabahanye ituma bavuga indimi zitandukanye, ntibasubira kwumvikana.

Uhoraho yavuze ati: « Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo. »(Itanguriro 11:7)
Baciye bananirwa, Uhoraho abasabagiriza mw’isi yose.

Nico kimwe n’abantu bose bafise imigambi mibisha yo kurwanya abandi canke kuja hamwe kugira bagirire nabi inzirakarengane; Imana ica iyoberanya ururimi rwabo, rukavamwo nyinshi, ku buryo badasubira kwumvikana kugira bakore ibibi baba bateguye.
Niba turi abere, abansi bacu bazohagurukira kuturwanya bazoza baturutse mu nzira imwe, ariko Imana yacu izotuma batumvikana mu ndimi, batsindirwe imbere yacu, noneho baduhunge basabagire mu nzira indwi.(Soma Gusubira mu vyagezwe 28:7)

IGISABISHO:
Data wa twese uri mw’ijuru, duhe kutigera dutegekanyiriza abandi ikibi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *