KWIYUMVIRA N’IVY’ABANDI

Umurwayi yarabwe n’abavyeyi biwe mu bitaro. Uwo murwayi yari kuri ogisijeni (ku mpwemu), aho rero ntiyashobora kuvuga.

Mu gihe bari bahagaze iruhande y’igitanda ciwe, uwo murwayi yafashe urupapuro yandika ubutumwa buto (message) hanyuma ayiha umwe mu bavyeyi.

Uyo muvyeyi, atanasomye ubwo butumwa, ashira ka gapapuro mu mufuko baguma biganirira ivyabo.
Kuberiki ataciye asoma ubwo butumwa?
Ni ukubera ko atiyumviriye kuri uyo murwayi ngo amuhe agaciro, yibaza ko ubwo butumwa butihutirwa, canke bitari ngombwa. Nk’akarorero, ashobora kuba yaribajije ko uwo murwayi yoba yashaka kumusaba amafaranga!
Yamara, muri Bibiliya handitswe ngo:
« Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’ abandi. »(Abafilipi 2:4)

Inyuma y’iminota mike, wa murwayi yaciye apfa.

Mu nyuma, wa muvyeyi yafashe rwa rupapuro kugira ngo asome ivyo umuhisi yari yanditse. Asomye asanga handitse ngo:
« Yamara nimwimuke gato, kuko aho muri, mwahonyoye ku tugozi tw’utuyoboro twa ogisijeni yanje (tumpa impwemu). Biranse ko mpema, muriko muranyica. »

Inyigisho:
Urakunda kutihutira gusoma ubutumwa wandikiwe?
Canke uhora wirengagiza kwitaba telefone kuko usanzwe uri hafi y’umuntu uguhamagara?
Kwiyumvira n’ivy’abandi bishobora kukugirira akamaro canke bikagirira akamaro uwundi muntu … na cane cane mu gihe gikomeye.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twiyumvira n’ivy’abandi, aho kwiyumvira ivyacu gusa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *