IMANA S’UMUNTU

N’ukuri ntahinyuzwa kugaragara muri Bibiliya: Imana yo mw’ijuru s’umuntu. Ntiyigeze iba umuntu kandi ntizokwigera imuba.

Balamu yaravuze ati:
« Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! »(Guharura 23:19)

Kubera ko Uhoraho yaturemye, ari hejuru yacu, n’Umuremyi natwe tukaba ivyaremwe; ni Umubumvyi natwe tukaba ibumba(Yesaya 64:8).
Abagerageza kumanura Imana ku rwego rw’umuntu baribesha cane. Ni cokimwe n’abagerageza kwishira hejuru canke gushira abandi bantu ku rwego rw’Imana, bakora ikosa rikomeye. Imana s’umuntu, kandi n’umuntu s’Imana.
Kubera kandi Imana itari umuntu, ntidukwiriye rero kwitega ko yiyumvira nk’uko abantu biyumvira. Inzira n’ivyiyumviro vyayo birenze kure ivyacu(Yesaya 55: 8,9).
Hari abantu basa nk’aho bibwira ko Imana itegerezwa kwiyumvira no gukora nkabo, ariko baribesha.
Bibiliya yemeza ko Imana ari Impwemu aho kuba umubiri n’amaraso nkawe nanje (Yohana 4:24).
Tutitaye kubashobora kubikora, vyaba bivuzwe mu binanga canke mu bikomeye, n’agasuzuguro kandi bitesha agaciro kuvuga Imana ishoboravyose ngo « n’umuntu muremure ari hejuru », canke ngo « n’umuntu mumini ari hejuru », canke ngo « n’incuti iri hejuru ». Amajambo nk’ayo ntakigere na rimwe aturuka mu kanwa k’umuntu afise umutima wubaha kandi ashaka guhimbaza Imana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazigera tukumanura ku rwego rw’umuntu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *