UMWIDEGEMVYO NYAKURI

Intumwa Pawulo agira ati: « Kristo yaduhaye umwidegemvyo ».

“Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu…”(Abagalatiya 5:13)

Hari abantu batinya ko uwo mwidegemvyo wotuma abantu barenga ku mategeko canke bigatuma haba n’akaduruvayo, ariko Pawulo avuga ko umwidegemvyo wacu atari uwo gutuma twishora mu vyaha:
“None rer’ icaha ntikikabe ku ngoma mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza…Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu.”(Abaroma 6:12-14)

Kugira umwidegemvyo muri Kristo bisigura rero kutumvira ivyifuzo vyo gukora ivyaha. Dutegerezwa kuva mu vyaha kuko igihe cose turi abaja b’icaha, ntidushobora gukunda no gukorera Imana canke abantu.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, udufashe gutsinda ivyifuzo bidukwegera mu vyaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *