NK’INKUKUMA !

Inkukuma yamenyekanye kera ko ifise ubushobozi bwo kwiyubura ikisubiza mu busore. Zaburi ya Dawidi 103 yerekana ibi iyo ivuga ko Imana iduhindura nk’uko inkukuma ihinduka.

« (Ni Uhoraho) Ahaza ubukambge bgawe ivyiza, Agatuma usubira mu busore busha bumeze nk’ubg’ inkukuma. »(Zaburi 103:5)

Iyo inkukuma ishaje, itakaza imbono yayo, ntiba igishobora kubona kure; itakaza kwumva, ntiba igishobora kwumva induru n’amajwi; ivamwo inzara, ntiba igishobora guhiga no guterura ibikoko yahize.
Kugira ngo yiyubure, iva mu zindi ikaja kwiherera mu misozi miremire aho itakariza amababa yayo yose n’inzara zose.
Igaruka mu zindi inyuma yo kwiyubura busha, ifise amababa mashasha n’inzara nshasha. Igaruka ifise inkomezi.
Ni cokimwe no kuri twebge: Ibihe vyose dushobora guhura navyo bikaduca intege, bikatwaka ubushobozi n’inguvu, Imana irashobora kubidukiza, ikabidukuramwo, tugasubira kugaragara mu bandi bantu twabaye bashasha, dufise n’inguvu zidasanzwe.
Mu bisanzwe, mu buzima bwacu twakiriye kuvuka gushasha, duhindurwa bashasha na Mpwemu Yera. Nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye (2 Abakorinto 4:16).
Ubwo nibwo buryo Imana isubizamo inkomezi abana bayo mu Mpwemu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe gukomeza ivyizigiro vyacu no kukwizera.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *