URUHARA RWAWE N’URUHE ?

Utegerezwa kugira uruhara n’umwete ku bijanye n’ubuzima bwawe, na cane cane no kugira ushike kuco Imana yagusezeraniye.

Uhoraho yabwiye Abisirayeli ati:
« Nzobakura mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadugane mu gihugu c’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubuki. »(Kuva 3:17)

Kuva muri Egiputa gushika i Kanani, abana ba Isiraheli ntibagurutse, bahagenze n’amaguru, ibirometero birenga 9.000 mu myaka mirongo ine.
Inyuma y’urwo rugendo rurerure kandi rugoye rwo mu bugaragwa, niho bageze mu gihugu cabasezeranijwe.
None ivy’amata n’ubuki basezeranijwe vyo vyagenze bite?
Basanze ataho amata n’ubuki bitemba!
Bategerezwa gukoresha inguvu kugira ngo babibone: Bategerezwa guhakura ubuki, inzuki zikabarya; kandi bategerezwa kworora inka kugira ngo baronke amata.
Natwe rero, dutegerezwa kugira uruhara mu kugera kuco Imana yadusezeraniye, nk’uko abana ba Isiraheli babikoze.
None wewe uruhare rwawe n’uruhe?

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kumenya ko dutegerezwa kugira uruhare kugira ngo dushike kuco wadusezeraniye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *