Kugira umuntu ahinduke vy’ukuri, areke kugendera mu caha, ategerezwa guhindura ivyiyumviro vyiwe.
Mw’ibaruwa rya kabiri Pawulo yandikiye ab’i Korinto, agira ati:
« Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingura akarimbi, dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo. »(2 Ab’i Korinto 10:3-5)
Iri jambo rije rishingira intahe ko dufise ubushobozi ku vyiyumviro vyacu ndetse n’ivy’abandi bantu.
Ngo « dufise ubushobozi bgo gushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana. »
Izo nkomezi ziri muri twebge, dutegerezwa kuzikoresha tukimura ibibi biturimo, hanyuma tukimika Kristo Yesu muri twebge, tukakira n’ico yaduhaye amaze gupfa ku musaraba.
Kristo Yesu apfa ku musaraba, umubiri wiwe watanyuwe kugira ngo twebge tubeho twuzuye.
Birashoboka rero ko duhindura ivyiyumviro vyacu, tukabaho mu buzima bwiza buhimbaza Imana mu mahoro yuzuye duhabwa n’Umwami wacu YESU KRISTO.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhishurire ico Kristo Yesu yakoze kubwacu ku musaraba.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA