Ni ngombwa cane mu buzima bgacu kumenya guhitamwo abagenzi tugendana.
« Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ucudika n’ibipfu azokomereka. »(Imigani 13:20)
Abagenzi bacu nibaba ari abanyabwenge, tuzohava tumera nkabo, kuko bazotuma tuva mu ngeso mbi kandi bazotugira inama nziza.
Ariko abo tugendana ni baba ari abasazi canke ibipfu, birumvikana ko bazotugira inama z’abasazi canke z’ibipfu kandi vyanze bikunze tuzoruhira kumera nkabo.
Ntituzimire, « kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. »(1 Ab’ i Korinto 15:33)
Muvy’ukuri, abasangirangendo babi binjira mu buzima bgacu gusa kugirango bonone ingeso zacu nziza. Dukwiriye kubirinda.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe abagenzi beza kandi uturinde abagenzi babi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo, tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA