Kubera ko mu gihe runaka bishoye mu gusenga imana z’abanyamahanga n’ibigirwamana, abana ba Isiraheli barahanwe n’Imana.
Imana irababazwa no kubona icubahiro cayo abantu bagiha uwundi.
« Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibazano. »(Yesaya 42:8)
None ko Imana yo ubwayo yivugira ko icubahiro cayo itogiha uwundi, ni kuki twubahuka kwiha icubahiro cayo canke kugiha abantu nkatwe?
Hari abantu, cane cane abiyita abakozi b’Imana, bubahuka mu mirimo yabo, kwiha canke gusaba abantu ko babaha icubahiro cagenewe Imana, shebuja !
Hari n’abandi, bubahuka gukoresha impano zabo mu gukora ibikorwa vyiza, ariko bagashaka kuvyiyitirira kugira babihererwe icubahiro kandi cari gikwiye guhabwa Imana yabahaye izo mpano ikanabashoboza no gukora ivyo bikorwa vyiza!
Abo bose baba bariko barababaza Imana.
Uwuzokwubahuka wese kwima Imana icubahiro cayo akagiha ikiremwa gihumeka impwemu Imana yagihaye, amenye neza ko azoba ariko arababaza Imana.
Kandi uzubahuka guha abantu icubahiro kiruta ic’Imana, amenye ko nawe azoba ariko urababaza Imana.
Reka kubabaza Imana, yihe icubahiro cayo.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutazosubira kwubahuka guha icubahiro cawe umuntu uwo ari we wese.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA