MBEGA YESU N’UMWAMI W’UBUZIMA BGAWE ?

Kuberako Yesu ari Umwami w’isi n’ijuru, urashobora kumugira Umwami w’ubuzima bgawe.
Kandi nimba Yesu ari umwami w’ubuzima bgawe, niwe ayobora ivyemezo vyawe n’ubuzima bgawe.

Ng’ibi ibimenyetso bitatu vyerekana ko Yesu ari umwami w’ubuzima bgawe:

1. Kwihana
Nimba ushaka ko Yesu aba umwami w’ubuzima bgawe, utegerezwa kwihana ivyaha vyawe ugahindura ubuzima bgawe.
Yesu ubwiwe aguhamagarira kwihana:
« Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi. » (Matayo 4:17)

2. Kwumvira
Ntushobora kureka Yesu ngo ayobore ubuzima bgawe nimba utamwumviye ngo ukurikize amategeko yiwe.
Nico gituma avuga ati:
« Munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga? »(Luka 6:46)

3. Kwiyanka
Kwiyanka bisobanura guha Uhoraho ico adusaba cose mu gihe cacu, ivyo dutunze kw’isi, n’inkomezi zacu kugira ngo duteze imbere umurimo wiwe.
Yesu yavuze ati:
“Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.”(Luka 9:23)

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe kureka Yesu ngo ayobore ubuzima bgacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’uyu Yesu nyene tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *