KUVUGA UMUNTU UKO ATARI NO KUMUCIRA URUBANZA

Paulo yari yaravuzweko amabi menshi gushika n’aho vyari bigeze aho bimukwegera urupfu.

Igihe Paulo yariko arakubitwa n’abantu batanamuzi, bamwagiriza n’ivyo batazi, umukuru w’ababisha yarahashitse arababaza uwo ari we, n’ico yakoze.
Babuze ico bishura, bushinga kuguma bavuga bati niyicwe niyicwe!
Niho Paulo yabwira uwo mukuru w’ababisha mu kigiriki ati:
« Wonkundira ijambo nkubarira? »(Ivyakozwe n’Intumwa 21:37)
Nawe aramubaza ati:
« Urazi ikigiriki? Si wewe wa Munyegiputa yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b’abicanyi ibihumbi bine? »(Ivyakozwe 21:37-38)
Paulo aramwishura, ati :
« Nd’Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwingize unkundire ico mbarira abantu. »(Ivyakozwe n’Intumwa 21:39)

Paulo yari Umuyuda atavanze avuga ururimi rw’igiheburayo n’aho yari azi no kuvuga ikigereki, ariko ntaho yari ahuriye n’ubwoko bw’abanyegiputa canke n’abicanyi yariko aragirizwa.
Yaciriwe urubanza azira ibitarivyo kandi ntakintu kibabaza nko gucirwa urubanza biturutse ku kwitiranwa n’uwo utari mu vy’ukuri.

Muvy’ukuri, abatuvuga nabi n’abaducira urubanza ntibisigura ko baba batuzi.
Kenshi na kenshi, haraho usanga bapfa kutuvuga no kuducira urubanza batanatuzi, kubera gusa bumvise abandi batuvuga nabi canke bumvise abandi baducira urubanza rubi.
Birababaje cyane, dukwiriye kwirinda kubikorera abandi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, uduhe kutazosubira kwubahuka kuvuga abandi uko batari no kubacira imanza zitari zo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *