Ijambo ry’Imana ritubwira ngo turondere abajanama b’ubgenge kandi twemere impanuro zabo kugira ngo tugire ico dushikako mu buzima.
« Umuntu wese w’umunyabgenge niyakugira inama, uzohore uyemera, ntuzigere ufata minenegwe inama z’ingirakamaro. »(Tobi 4:18)
Dukwiriye guhitamwo abaduhanura twitonze kuko abo twibaza ko botugirinama bose s’abanyabgenge.
Hariho ubwoko bubiri bw’abantu dukwiriye kwirinda kugisha inama: « ababi » n’ « ibipfu ». Inama zabo si nziza kwumva.
Ababi ni abansi b’Imana canke bibera mu vyaha.
« Hahirwa umuntu udakurikiza imigambi y’ababi… »(Zaburi 1:1)
Ibipfu ni ibijuju, inkozi z’ikibi, abirasi.
« Va imbere y’igipfu,
Kukw ata minwa y’ubgenge uzomubonana. »(Imigani 14:7)
Bibiliya itubwira kuronderera inama mu « banyabwenge ».
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazigera dufata minenegwe inama z’ingirakamaro.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA