REKA TURABISHE UBUZIMA BGACU AMASO Y’IMANA

Mpwemu w’Imana amaze kumuzako, umuhanuzi Balamu yaciye atangura kubonesha Isiraheri amaso y’Imana.
Yerekeje amaso yiwe mu bugaragwa aho Abisiraheli bari bashagaje nk’ukw imiryango yabo iri, yisanga yavuze ati:
« Ewe kuntu amahema yanyu ari meza, yemwe aba Yakobo, Ukuntu imihana yanyu ari myiza, yemwe Abisirayeli! Imeze nk’imishoka y’imyonga ishika kure, Nk’imirima igendanye uruzi, Nk’imibazibazi itewe n’Uhoraho, Nk’ibiti vy’amasederi bimeze i ruhande y’amazi. »(Guharura 24:5-6)

Balamu ntiyari kubivuga iyo atabona Isiraheli nk’uko Imana yayibona, ​​kuko muvy’ukuri, ico gihe Abisiraheli bari benshi batanyuzwe, birigwa bidodomba kandi bidogera Imana mu bugaragwa.
Ariko Imana yo ibaravye, yababona nk’abari mu mirima itotahaye, iri ahari inzuzi – itotahaye kandi itera imbere.

Natwe, kwumva twakira Yesu nk’umwami n’umukiza wacu, Mpwemu w’Imana yaciye atuzako.
Dukwiriye rero kumwemerera ko adufasha kubona ibintu nk’uko Imana ibibona, no kwiraba nk’uko Imana ituraba.
Kubera idukunda, iyo IMANA ituravye, ituraba ryiza, itubona tumeze kandi dusa nk’uko ishaka, itubona dusa neza, tumeze neza, turi heza, turi mu vyiza.

Nitwiraba rero nk’uko Imana ituraba, ubuzima bgacu buzohinduka kuko kwibona uko Imana itubona, bituma Imana igaragaza ubushobozi bgayo mu buzima bgacu!

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, twemere guhora tubona ibihe vy’ubuzima bgacu nk’uko ubibona.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *