ABAGENZI BABI

Woba wibaza ko hafi yawe hoba hari umuntu afise inyifato y’uburyarya?
Ng’ibi ibintu bitanu bigufasha kumenya abagenzi babi:

① Bakwubaha gusa kubera ico bagushakako:
Igihe cose bagushakaho ikintu, ntibakuva inyuma kandi barakwubaha. Ariko iyo ata nyungu bakikuronkako, ntibasubira kukwubaha.
(Soma 1 Ab’iKorinto 13:5)

② N’indyarya:
Aho kuguhanura, abagenzi barakuvuga bakakunegura kandi bagucira urubanza inyuma yawe. Zifise ishari kandi barakwihakana mu gihe uri mu bibazo.(Soma Abaroma 12: 9)

③ Bakwononera imico myiza yawe:
Uretse ko banka kuguha impanuro nziza ku myitwarire myiza, banakwigisha kandi bakagufasha kwinjira mu bintu bibi.
(Soma 1 Ab’iKorinto 15:33)

④ Bavuga nabi abandi:
Iyo kuvuga nabi abandi bibaye akamenyero, ni ikimenyetso cerekana ko turi imbere y’umuntu mubi kandi natwe atuvuga nabi mu bandi.
(Soma Yakobo 4:11)

⑤ Barakubesha:
Akenshi ntibakubwiza ukuri, baguhisha ibintu vyinshi kandi bakakwicira imigambi yawe bakwihishako.
(Soma 1 Abatesalonika 5:11)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turinde abagenzi babi mu buzima bwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *