ABANTU SATANI ATINYA

Nta muntu n’umwe Satani akunda kuko nta rukundo agira; n’abamuyoboka arabanka kuko ahora yifuza kubagirira nabi no kubateranya n’Imana. Ariko, hari abantu Satani atinya.

Abo bantu Satani atinya ni bande, canke bameze gute?

1. N’abantu bihangana bakamurwanya.
Bibiliya itubwira ko nitwihangana tukamugwanya, nawe azoduhunga.
« Murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga. »(Yakobo 4:7)

2. N’abantu basobanukiwe ko ari abana b’Imana.
Kuva twakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wacu, twabaye abana b’Imana. Iyo Satani amenye ko twasobanukiwe ko ibitero vyiwe ataco bishobora kutugira kubera turi abana b’Imana, Satani aca atangura kudutinya.

3. N’abantu bamenye amayeri yiwe.
Iyo weretse Satani ko wamenye kandi wasobanukiwe ko ari umubeshi, akabona ko uzi amayeri yiwe yose, aca akuvako.
Bibiliya utubwira ko Satani « yahereye ubwa mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw’ari umunyabinyoma kand’ari se wavyo. »(Yohana 8:44)

4. N’abantu basenga cane.
Satani aratinya abantu basenga cane kuko Imana ihora ibahishurira mu masengesho, imigambi yiwe yose.

None wewe woba uri mur’abo bantu Satani atinya canke uri mubo yifatiye?

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze kuba mu bantu Satani atinya.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *