ABIHANGANA

Ntakintu gihambaye mu buzima nko kwihanganira imibabaro canke kwihangana mu bihe bigoye.

« Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe. »(Yakobo 5:11)

Ijambo ry’Imana rivuga ko abihangana ari abahirwe (mu kigereki, ni abashobora kurindira bihanganye gushika ku mperuka), ku bubasha bg’Imana ubwayo (Matayo 24.13; Luka 8.15).
Ivyabaye kuri Yobu birasobanutse neza: Inyuma yo kurindira igihe kinini mu mubabaro, Yobu yaragaruriwe ivyo Satani yari yaramunyaze kandi asubizwa mu buzima busanzwe n’Uhoraho.
Ntidukwiriye kureka imibabaro ngo idutware, itunanize gushika n’aho duheranwa n’agahinda, canke iduheza mu bibi.
Ijambo ry’Imana riratwizeza ko inyuma y’imibabaro yose, Umwami afise ibisubizo vyiza yadutegekanirije, impembo ishimishije.
Reka duhore twihangana!

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe inkomezi n’ubutwari vyo kwihangana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *