AGASUZUGURO KARAFISE IHEREZO

Igihe Goliyati Umufilisitiya yahangara ingabo za Isiraheli, Sawuli na Isiraheli yose baragize ubwoba bwinshi.

« Nuk’ uwo Mufilisitiya, uko bukeye uko bgije, akama aseruka ahibonekeza, abasomboroza, kumara imisi mirongwine. »(1Samweli 17:16)

Mbega agasuzuguro!
Ibaze uko bukeye, azinduka abigambako, abwira amajambo y’agasuzuguro, imisi mirongwine yose, hakabura n’umuntu n’umwe mu ngabo zose za Isiraheli ahaguruka ngo abakureko ako gasuzuguro!
Ariko, igitangaje, n’uko Imana yakoresheje umuntu asanzwe nka Dawidi kugira ngo ihagarike ako gasuzuguro.
Muvy’ukuri, Imana yari gukoresha umwe mu bihangange vyari mu ngabo za Isiraheri, ariko, yahisemwo gukoresha Dawidi, umwana muto, umwungere w’intama ata kintu ca gisirikare azi kugira abe ariwe ikoresha mu gusuzuguza umusirikare w’igihangange, atinyitse, Umufilisitiya Goliath.
Kubera Imana yanka ko abana bayo basuzugurwa, ntako itagira kugira ibakureko agasuzuguro.
Kenshi iyo ikuye agasuzuguro Ku bantu, igateza abahora babasuzugura kugira ibumvishe nabo uko agasuzuguro ari kabi Kandi kababaza.
Abari mu gasuzuguro, ni bizere rero ko ako gasuzuguro gafise iherezo kandi ko ababasuzugura uno musi, nabo ejo bazosuzugurwa.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kwihangana no kukwizigira mu gihe c’agasuzuguro.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *