AHARI UBUMWE, IMANA IRAHAKUNDA

Umunsi wa pentekote ushitse, intumwa zari hamwe.
Kuba hamwe, bisigura ko bari bunze ubumwe, bahuje umutima.
Hanyuma Imana ibarungikira Mpwemu Yera.

« Umusi wa Pentekote ushitse, bose bari bakoraniye ahantu hamwe… Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga. »(Ivyakozwe n’Intumwa 2:1,4)

Iyo abantu bari hamwe, bunze ubumwe, bahuje umutima kugira bakorere Imana, Imana irahimbarwa, ikababa hafi, ikabuzuza Mpwemu Yera, ikabakoresha n’ibitangaza.

Muri iki gihe, ntivyoroshe kubona abantu bunze ubumwe bahuje umutima, basangiye intego imwe yo gukorera Imana.
Biragoye!
Kenshi, n’iyo baba bari hamwe baba badahuje intego, baba badahuje umutima.
Bamwe baba bironderera ubutunzi bw’iyi si, abandi baba bironderera ivyubahiro, abandi nabo baba babishaka vyose.
Ni bake baba bashaka gukorera Imana, n’uko ariyo yohabwa icubahiro mu murimo wabo.
Ntibishoboka ko bakora kandi baguma hamwe mu murimo w’Imana kubera baba badahuje intego.
Ni naco gituma Imana itakibakoresha ibitangaza.
Imana idufashe kwunga ubumwe no guhuza umutima kugira tubashe gukora ubugombe bwayo turi kumwe.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhuza umutima mu murimo wawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *