Iki ni ikibazo ciza kandi gikwiye kwihwezwa twisunze Ijambo ry’Imana.
Inyishu ni OYA.
Bibiliya ntivuga ko amavuta ya elayo aruta ayandi mavuta kubera ko igiti cayo cahezagiwe n’Imana canke ko afise ububasha budasanzwe bwo gukiza.
Muri Yakobo 5:14 handitswe hati:
« Muri mwebge namba harih’ urwaye, n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusige amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu. »
(Yakobo 5:14)
Muri uwo murongo hari ibintu bitatu bikomeye dukwiye gutahura:
1. Igihambaye s’amavuta, ahubwo n’isengesho ryo kwizera.
Ku murongo wa 15, Yakobo avuga ati:
«Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura…»
Nta hantu havuga ko amavuta ari yo akiza.
Ahubwo ni Imana ikora biciye mw’isengesho ryo kwizera.
2. Amavuta yari ikimenyetso, si yo yari afise ububasha bwo gukiza.
Mu muco w’Abisirayeli, amavuta yakoreshwa mu gusiga abami, abaherezi n’abavugishwa n’Imana, kandi rimwe na rimwe no mu kuvura ibikomere. Kuyasiga ku murwayi kwari ikimenyetso c’uko uwo murwayi ashikirijwe Imana kandi yizigiwe ubuntu bwayo. Ariko ububasha ntibwari mu mavuta ubwayo.
3. Bibiliya ntiyigisha ko ategerezwa kuba amavuta ya elayo gusa.
Kubera ko muri Isirayeli amavuta ya elayo ari yo yakoreshwa cane mu buzima bwa misi yose, ni yo Yakobo yavuze. Ariko nta tegeko na rimwe rivuga ko ari yo yonyene Imana yemera canke ko ariyo yonyene ifise ububasha bw’impwemu.
None kuki igiti c’umwelayo kivugwa cane muri Bibiliya?
Igiti c’umwelayo ni ikimenyetso gikomeye muri Bibiliya.
Gisobanura amahoro, umugisha, ugusigwa n’Imana, ugushikama n’uburumbuke. Ariko kuba gifise ico gisobanuro c’impwemu ntibisobanura ko amavuta yaco afise ububasha budasanzwe burusha ayandi mavuta.
Abakristo bamwe bahitamwo gukoresha amavuta ya elayo mu gusengera abarwayi kugira bakurikize akarorero tubona muri Bibiliya, kandi ivyo nta kibazo kirimwo.
Ariko kwemeza ko amavuta ya elayo ubwayo afise ububasha bwo gukiza, kwirukana abadayimoni canke kuzana imigisha, ni ukwongerako ivyo Bibiliya itigisha.
Mu nyigisho za Bibiliya, ububasha ntiburi mu mavuta, buri mu Mana.
Ni Imana ikiza, ikiza indwara kandi ikora ibitangaza biciye mw’izina rya Yesu Kristo no mu kwizera.
Amavuta ni ikimenyetso gusa; Kristo ni we Soko ry’ugukira n’ubugingo.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
