ARATUBABAYE !

N’aho imiryango yacu yoba ishikirana gute canke twoba dufise abagenzi benshi gute, iyo duciye mu bihe bitoroshe canke mu kigeragezo, kenshi, birashika ko twiyumva ko turi twenyene, ko ata muntu n’umwe atubabaye canke utwumva.

Ivyo n’abigishwa ba Yesu vyarabashikiye.
Igihe haza inkubi ikomeye y’umuyaga, imipfunda ikisuka mu bgato barimwo na Yesu, hagati mu kiyaga, bihutiye kumukangura bamubgira bati:
« Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa? »(Mariko 4:38).

Uyu munsi, birashoboka ko nawe mu mutima wawe woba uvuga uti: « Mwami, ntubabaye ko nsigaye jenyene, ko abantu bampevye … ko ndiko ndapfa? »

Mwene Data, Uhoraho arakubabaye. Aragukunda cane ku buryo ashaka ko umwikoreza ibibazo vyawe vyose
Muri Bibiliya Handitswe ngo:
« Muyikoreze amaganya yanyu yose, kuko ibababara. »(1 Petero 5:7)

Kubera urukundo igukunda, Imana ishaka ko uhora uyikoreza amaganya yawe yose, ibibazo vyawe vyose, ibikomeye n’ibisanzwe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twizigiye urukundo gwawe n’inkomezi zawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *