BARAKUGAYA ?

Uragawa n’umuryango wawe, abagenzi bawe, ababanyi bawe, abo mukorana canke abo mwigana?
Nivyaba arivyo, ntugire ikibazo, ugurura Bibiliya hanyuma usome umurongo ukurikira, uca uhumurizwa kandi unezerwe:

« Ibuye abubatsi bagaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. »(Matayo 21:42)

Imana ihora irajwe ishinga no gukurikirana abantu bagawa. Iguma yitaho kandi yifatanya n’abagawe.
Abantu bose barashobora kukugaya bakakwinuba, ariko Imana Yo ntishobora kukwinuba, kuko ufise agaciro mu maso yayo.
Erega, iyo utaba uri uw’agaciro mu maso yayo, Imana ntiyari kureka umwana wayo Yesu ngo agupfire ku musaraba.
Rero, niwaba ubona uno musi bakugaya, niwihangane, urindire mu kwizera, Imana izokugarukira ikwemeze mu bantu, abakugaye nabo bagukenere, bakwifuze kandi bicuze kuba barigeze kukugaya no kukwinuba.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kutigera tugaya abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *