BURYA GUKUNDA ABANDI BIRASHOBOKA ?

Ibgirizwa rya mbere ry’Imana n’ugukunda Imana n’umutima wacu wose, n’ubugingo bgcu bgose, n’ubgenge bgacu bgose; ibgirizwa rya kabiri ni:
« Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. »(Matayo 22:39)

Muvy’ukuri, ntakintu kigoye nko gukunda abana b’Imana bose tutarobanuye, nk’uko twikunda, kuko bamwe baragoye ikunda.
Biragoye canke bisa nk’ibidashoboka gukunda abantu batubabaje kandi babandanya kutubabaza, canke abantu baduhemukiye, abantu b’ababisha, n’abantu bigaragara ko batwanka.
Ariko, dusabwa kubakunda uko bari kose kuko, mu bisanzwe, gukunda abandi n’itegeko si amahitamwo.
N’aho bigoye gukunda abantu bamwe bamwe, Imana idutegeka kubakunda.
Kandi dukwiriye gusa guhitamwo kubakunda uko bameze kose, no kubababarira niba baratubabaje. Nitwaba uyu munsi duhisemwo gukunda abo tutakunda no kubabarira abadukoshereje, amarangamutima y’urukundo kuri bose, ata kurobanura, arakurikira.
« Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose. »(1 Abatesalonike 3:12)
Imana ihimbarwa no kubona abana bayo bose bakundana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi n’ubutwari vyo gukunda abandi, cane cane abo tubona bagoye gukunda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *