DUHUBURE ABASARAGURIKA

Iyo umuntu adahanurwa ku makosa akora kandi ntanashimwe ku bikorwa vyiza akora rimwe na rimwe, abaho asaragurika.
Uwo muntu aba akwiriye kwitabwaho.

Intumwa Pawulo atubwira iti:
« Turabahanura, bene Data, muhubure abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose. »(1 Ab’i Tesalonike 5:14)

Iyi mpanuro ya Pawulo iduhamagarira kwisubirako mu mubano wacu n’abandi.
Muvy’ukuri, hari abantu bahora bakosora abandi gusa, canke babahanura, ariko badacishamwo rimwe na rimwe ngo bababwire amajambo yo kububaka no kubaremesha. Ivyo ntibiheza ngo bigire akamaro kanini.
Abandi nabo, bazi kubona amakosa y’abanyantege nke no kubagaya, ariko badashobora kubasengera no kubaramira bakoresheje Ijambo ry’Imana. Navyo nyene ntaco bimaze.
Ijambo ry’Imana ridusaba kwihanganira bose, kuremesha abarandutse imitima no kuramira abanyantege nke.
Imana iduhe ubwenge!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubwenge bwo kumenya kubana n’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *