DUKORA IKI IYO TURI IMBERE Y’IBIDASHOBOKA ?

Inyuma yabo hari ingabo za Farawo zibakurikirana, imbere yabo naho hari ikiyaga gitukura badashobora kujabuka, abana b’Isiraheli baragize ubwoba maze batangura gutakambira Uhoraho.

Niho rero Mose yababwira ati:
« Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murabe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi. Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa. »(Kuvayo 14:13-14)

Natwe duhuye n’ikibazo ic’arico cose tubona kidashobora gutorerwa inyishu, nta kindi twoshobora gukora atari ugukurikiza impanuro Mose yahaye abana b’Isiraheli: N’ukwihagararira gusa, tugatekereza, tukinumira.
Muvy’ukuri, kwidodomba, gutaka, canke kurira ntibishobora gukemura ikibazo canke gutuma ibintu bidashoboka bishoboka. Nico gituma gutekereza tukinumira arivyo vyiza.
Ariko, nk’abana b’Imana, tuba tuzi Kandi twemera ko ata kidashobokera Imana(Luka 1:37).
Mur’ico gihe,ukwemera kwacu kuguma kutwibutsa gusenga no kwizera Imana, hanyuma tukihagararira, tukarindira ko Imana igira ico ikora bivuye ku bugombe bwayo.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kukwizera mu bihe vyose turi imbere y’ibidashoboka.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎️: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *