FATIRA INZOKA KU MURIZO WAYO

Imana ishaka gufata ibintu bisanzwe mu buzima bgawe ikabihindura ibidasanzwe.
Kugira ibikore igusaba kuyizera, ukuyiha ivyo usanzwe ufise bisanzwe, nayo ikabigira ibidasanzwe.

Uhoraho Imana yabgiye Mose ati:
« Ico ufise mu kuboko n’iki? »
Aramwishura, ati:
« N’inkoni. »
Aramubarira, ati:
« Yiterere hasi. »
Ayiterera hasi, ihinduka inzoka; Mose arayihunga.
Uhoraho aramubarira, ati:
« Ramvura ukuboko, uyifate umurizo. »
Aramvura ukuboko, arayifata, irongera ihindukira inkoni mu kuboko kwiwe.(Kuvayo 4:2-4)

Murashobora kwiyumvira ko iyo nkoni nyene yabaye inkoni y’Imana!
Kubera iyo nkoni nyene, ikiyaga gitukura caratandukanye!(soma Kuvayo 14:16)
Kandi, n’igihe iyo nkoni nyene yakoreshwa mu gukubita igitandara, amazi yaciye yisuka.(soma Kuvayo 17:5-6)
Iyo nkoni mwumva, ntiyari ikiri inkoni isanzwe, ahubwo yari yabaye inkoni idasanzwe y’Imana!

None, ni kubera iki iyo nkoni yahindutse inzoka igihe Mose yayita hasi?

Mose ntiyigeze amenya ko mu nkoni yiwe harimwo “inzoka” canke hashobora kuvamwo inzoka.
Murabona, kubera kugwa kw’umuntu, habayeho kwandura umuvumo – inzoka – mu bintu vyose, mu mwuga wacu, mu nguvu karemano, mu mpano no mu bindi.

None twoshobora guhangana n’“inzoka” iri mu bintu bisanzwe mu buzima bgacu gute ?

Dukwiriye kubanza kwizera Uhoraho, hanyuma, tugakora ivyo adutegeka gukora nk’uko Mose yabikoze.
Uhoraho yabwiye Mose ati: “Ramvura ukuboko, uyifate umurizo.”(Kuva 4: 4)

Mu bisanzwe, ni bibi gufata inzoka ku murizo kuko ica ihindukira, ikazana umutwe kugukomora.
None ni kuki Imana yabibgiye Mose?
N’uko ariyo(IMANA) yari yabanje gufata umutwe w’inzoka.

Imana ishaka ko tuyireka akaba ariyo yifatira umutwe, natwe tukayizera, tugafata umurizo ata bgoba. Uko niko tuzobona ivyacu bihabga umugisha udasanzwe.
Nitwizera Imana, tugakora ivyo idutegeka gukora, umwuga wacu, inguvu zacu, impano zacu, n’imirimo yacu bizohabga imigisha idasanzwe.

Bagenzi, hariho inzoka canke umuvumo, mu bintu vyose dutunze tubona ko bisanzwe. Ariko ivyo bisanzwe tuvyeretse Uhoraho, aca akora igitangaza gikuraho uwo muvumo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kukwizera no guhora dukurikiza amabwiriza yawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *