GENDA GUSENGA !

Ni ikimenyetso kibi kubona ko abakristo baheba gukoranira hamwe n’abandi ku munsi w’Imana kubera ibindi baba bahaye agaciro bakabirutisha gukoranira hamwe ku munsi w’Imana, nka siporo, gusohoka mu muryango, sauna, massage, n’ibindi.

« Twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira… »(Abaheburayo 10:25)

Iyo dukoraniye hamwe mw’isengero, turumva Ijambo ry’Imana, turakira ubuzima bwa Kristo kandi turubaka n’isengero.
Guheba gukoranira hamwe rero, n’uguhomba inyigisho nziza, zubaka ndetse n’ubuhanuzi buva ku Mana bugirira akamaro ubuzima bwacu.
Guheba gukoranira hamwe ni n’uburyo bwo kubangamira ubumwe bw’isengero canke umubiri wa Kristo.
Kandi mu vy’ukuri, inyuma yo guheba gukoranira hamwe haba hinyegeje impwemu mbi za Satani zo gucamwo ibice isengero canke amacakubiri, kuko Satani atinya ubumwe bw’abakristo n’inkomezi z’amasengesho yabo.
Genda gusenga!

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe inkomezi zo kurwanya ibintu vyose bitubuza kwitabira gukoranira hamwe n’abandi kw’isengero iwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *