« »Nta co kimaze, nta co kimaze! » ni k’umuguzi avuga;
Arikw amaze kugenda ni ho yishima.» (Imigani 20:14)
Guciririkanya ni kimwe mu bintu bisanzwe mu buzima bwa misi yose mu mico myinshi.
Nta kibi kiri mu kurondera igiciro ciza canke mu kwipfuza kugura ikintu ku buryo bubereye.
Ariko rero, umukristo ahamagariwe kwitandukanya n’abandi mu ngeso no mu buryo yigenza, mbere no mu vyo akora vya misi yose.
Muri uyu murongo, umuguzi arasuzugura ikintu ashaka kugura kugira ngo aronke igabanyirizwa ry’igiciro, hanyuma akishimira ubwenge canke ubuhinga yakoresheje.
Iyo nyifato ishingiye ku rwenge aho gushingira ku kuri.
Umukristo arashobora guciririkanya, ariko ategerezwa kwirinda ububeshi n’ubuhendanyi.
«Iminwa y’ibinyoma n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abakora ivy’ ukuri ni bo bamuhimbara.» (Imigani 12:22)
Ategerezwa kandi kurondera igiciro kibereye, atarinze kugerageza kurya abandi mu rwenge canke kubungukirako mu buryo butabereye.
«Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.» (Imigani 11:1)
Umukristo ategerezwa kandi kwubaha umudandaza n’igikorwa ciwe.
Inyuma ya buri kintu kigurishwa hakunda kuba hariho ibikorwa vyinshi, umwanya watanzwe n’ukwigumya kwinshi.
«Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.» (Matayo 7:12)
Ubwa nyuma, ategerezwa kwirinda umunoho n’ukwikunda.
Kuziganya amahera ni vyiza, ariko ntibikwiye gukorwa bitwaye intahe yiwe nk’umukristo.
«Mwirinde ukwifuza kwose.» (Luka 12:15)
Guciririkanya nk’umukristo n’ukurondera ukwumvikana kubereye, mu kuri, mu butungane no mu kwubahana. Igabanyirizwa ry’igiciro ryaronswe biciye mu rwenge ntiryigera ringanya agaciro n’intahe nziza canke amahoro y’umutima imbere y’Imana.
ISENGESHO:
Mwami,
Nyigisha kuguhimbara mu vyo nkora vyose, harimwo no mu kugura no mu kugurisha.
Mpa umutima w’ukuri, ubutungane n’ukwubaha abandi.
Reka intahe yanje igume ari iyo kwizigirwa, mbere no mu bintu bitobito vy’ubuzima bwa misi yose.
Mbisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
