GUHORA TWITEGURIYE KUBABARIRA

Ijambo ry’Imana ridusaba kubabarira abandi nk’uko Yesu yatubabariye.

« Mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. »(Abakolosayi 3:13)

Iyo twamana n’abandi canke dufise ico duhurirako n’abandi, ntitubura ico dupfa, birashika ko ducanamwo, tugahangana, tugatongana, n’ibindi.
Ariko igitangaje, n’uko twebwe ubwacu bihora bitugora kwihanganira no kubabarira abandi kandi yamara natwe twifuza ko abandi bohora batwihanganira, bakatubabarira muri vyose!
Kugira ngo tubane mu mahoro n’abandi, dutegerezwa kuba twiteguriye guhora misi yose twihanganira kandi tubabarira abandi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe dushobore kubabarira abandi nk’uko watubabariye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *