GUKIZA AHO GUCIRAKW’ITEKA

Yesu yaje mw’isi azanwe n’iki?
Yesu ubwiwe arishura iki kibazo:
« …kuko ntazanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi. »(Yohana 12:47)

Aho gucirakw’iteka abantu kubera ivyaha vyabo, Yesu yarabibakijije.
Dukwiye rero gukora nka we, dukize abantu aho kubacirakw’iteka.

Abo twita abagizi ba nabi canke « abanyavyaha » bakeneye ahubwo imbabazi zacu, ko tubatahura, ko tubagirir’impuhwe, ko tubiyegereza, ko tubereka urukundo, ko tubahanura kugira ngo bashobore kuva mu bibi barimwo. Ubwo ni bwo buryo dushobora kubakizamwo.
Nay’ubundi, kubanegura, kubatera ubwoba, kubatesha agaciro canke kubacirakw’iteka, n’ukubatsindagira mu bibi barimwo.
Reka rero duhore twiteguye gukiza abandi aho kubacirakw’iteka.

IGISABISHO :
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora dushaka gukiza abandi aho kubacirakw’iteka.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *